Alvin Smith aheruka gushira ahabona Ep yise ’’Party Love’’

Alvin Smith asazwe arumuririvyi wumurundi ,aho novuga yuko yamenyekanye kundirimbo nyinshi zigiye zitandukanye.
Uyu muririvyi ashize ahabona Ep yise ’’Party Love’’ , iyo Ep ikaba irimwo indirimbo zigera kuri indwi (7) , aho yanahuriyemwo nabaririvyi benshi bagiye batandukanye .
Icaryoheye abarundi nuko iyo Ep irimwo abaririvyikazi babarundi gusa , bikerekana yuko izina umukenyezi ririko rirashigikirwa.
Abo baririvyi akaba araba : Mow’Kanzie ; Esther Nish ;Channy Queen; Lina blanche ; irytina da Queen ; kaKelly , abo akaba ari baririvyikazi yakoresheje muri Ep ’’Party Love’’.
Izo ndirimbo zose zikaba zageze kurubuga rwa YouTube ndetse nizindi mbuga .