BURUNDI: Amateka akomeye y’umuhanzi Fabilove

Fabilove ni umuhanzi ukora injyana ya Hip-Hop akaba yaratanguye gukorera umuziki mu gihugu cy’Uburundi. Uyu muririmvyi ni umwe mu bakunzwe cyane mu njyana ya rap ndetse afite amateka akomeye cyane.

Fabilove yahawe amazina Nshimirimana Fabrice n’abavyeyi bamubyaye, Uyu muririmvyi yavutse mu mwaka wa 1993 akaba ari uwa 6 mu bana 10.

Mu mwaka wa 2006, niho Fabilove yiyumvamwo impano yo kuririmba ,mu gihe yari motive n’umuririmvyi Lolilo ,niho yatangura kwandika indirimbo ziwe ariko atazisohora, niho yaca yinjira muri groupe yitwa "serious neggers" bakaba bari 4.

Iyo groupe yaramenyekanye mu gisagara ca Bujumbura ,ndeste no mu mihingo itandukanye ,igitangaje nuko iyo groupe yamenyekanye ata masanamu y’indirimbo nimwe bafise.

Mu mwaka wa 2010 ,kuri fabilove vyari igitangaza aho yasabwe gukorana n’abandi baririmvyi bagiye batandukanye nka Sat-B muzi mu ndirimbo nyinshi zakuzwe na beshi ndeste no mu mahanga hamwe na Mkombozi.

Mu mwaka wa 2012, Fabilove niho yatangura gusohora indirimbo ku giti ciwe ikaba yari iyitwa "Mwana w’imuhira"iyo ndirimbo ikaba yatamye amenyekana igihugu cose c’uburundi ,bica biboneka kariwe mu rappeur wa mbere .

Mu mwaka wa 2015, Fabilove yahamagawe n’umurwi wa Peace and love aho baririvye indirimbo yitwa "Ndagukumbuye " ,aho iyo ndirimbo yakuzwe n’ubu igikundwa ,mu wo mwaka yarahamagawe muri collabo y’ibihangange nka "Steven Sogo, Lolilo, Sat B, Fizzo, T_Max, Channy_Queen n’abandi benshi .

Mu mwaka wa 2017 yarakoze indirimbo yise "Nunganze"yakoranye n’umuhinyanyuzi wo muri Bantu bwoy ,aho iyo ndirimbo yahastwe kumuhebesha umuziki .

Mu mwaka wa 2020 ,Fabilove yagiye arakora indirimbo zigiye zitandukanye ,harimwo niyo bakoranye na "Sat B ikaba yari remix "IZINA" ,hakaba harimwo abanyarwanda babiri , ndeste na Big Fizzo ntiyatevye kumuhamagara.

Mu mwaka wa 2021, Fabilove yakoze hit nyishi harimwo nizo yakoranye nabandi nka "Gaga Brue "iyo ndirimbo ikaba yari yitwa "Umwana"indirimbo nubu igikudwa cane .

Kugeza ubu Fabilove afise indirimbo zigera muri 30 kandi zose zikaba zarakuzwe .

Raba "UMWANA by Gaga Brue ft Fabe Love" ngaha

Genesisbizz

Related Articles

Ibitekerezo

  • - J light promoter

    Yubahwe uwo turamwemera twese

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO