Umuhanzi Limu yashyize hanze indirimbo igaruka ku butwari bw’abanyeshuri b’i...
- 24/03/2023 saa 11:24
Gn Nephew ni umuririmvyi ukomoka mu gihugu c’Uburundi, akaba yaravutse ari umwana wa kabiri mu muryango w’abana indwi. Yatanguye kuririmba muri chorale yo mu rusengero mu 2010 ndetse ubu ari gukorera umuziki muri Amerika aho yimukiye.
Gn Nephew yavutse italiki 09-02-1997 avukira mu gihugu ca Tanzaniya mu nkambi y’impunzi i Rukole.
Avuka ababyeyi bamwise amazina Ndayishimiye Gérard ndetse yavutse ari umwana wa kabiri mu muryango w’abana indwi.
Mu mwaka wa 2010, igihe Gn Nephew yuzuzaga imyaka 10 niho umuryango wiwe wagirirwa ibakwe ryo kujanwa hanze muri U.S.A ariho atuye Ubu ahitwa Cincinnati.
Muri 2010 niho yatangura kuririmba indimbo z’lmana muri Chorale mu rusengero.
Akiri Tanzaniya, Se wiwe yarafise iradiyo y’lkasete yakunda kuvuza indirimbo za Michael Jackson, maze Gn Nephew zikamuryohera.
Muri 2012 Gn Nephew atangura kwiga kuririmba muri ’’STUDIO HOME’’ yisunze Michael Jackson.
Hagati y’umwaka wa 2014-2015, Umuririmvyi Mt number one, Umuririmvyi w’Umurundi asanzwe ari Umwishwa wiwe amutumako amujana muri studio
maze Gn Nephew aririmba indirimbo ya mbere yise ’’MUGANI’’ akurikiza ’’SOMETIMES’’ ya Michael Jackson.
Asigura inkomoko y’izina Nephew, mu kiganiro na Genesisbizz yadutangarije ko mwishwa we yakunda kumuhamagara izina "NEPHEW" maze kuberako atumva icongereza yumva riramuryoheye ahitamwo kurikoresha mu muziki.
Hagati y’umwaka wa 2017-2018, Gn Nephew yatanguye kuririmba umuziki usanzwe ahera kuri Rap biranka aca aririmba RNb. Ico gihe yariga no gukora Video,co kimwe n’amafoto uhereye nko kuri vidéo zimwe na zimwe za Mt Number One.
Muri 2018 yasohoye "Rising Album" ariko yari nko kwimenyereza, Nyuma yaje kumenyana n’umuririmvyi Masterland bakorana n’indirimbo zitandukanye.
Uwundi bamenyanye ni Magic Soldier Kingorongoro kuko yaramufana maze 2019 amufasha kumuha abamufasha gucuruza umuziki wiwe.
Muri 2021 Gn Nephew yazanye iciyumviro c’ukuntu yoshiraho ikintu yise ’’KANDA MUSIC’’ gifise insiguro ikomeye mu bafise impano mu gihugu.
Gn Nephew asanzwe yiga ’’BUSINESS DIGITAL MARKETING" hamwe na
"BUSINESS COMMUNICATION" Ubu akaba yamaze kwironkera Studio iwiwe aho
atuye yitirirwa ’’KANDA MUSIC’’.
Muri 2022 yatanguranye n’indirimbo Yise "Give me Love" Ifise Amasanamu Meza cane nta kwezi kurahera ayisohoye.
Tubandanye Kumushigikira
Raba "Give me Love" ya Gn Nephew hano.
Ibitekerezo
None Gn Nephew kuki afite ijwi nkirya Meddy?Ikindi nacu kuki Gn Nephew ataza mugihugu c'uburundi