BURUNDI : BIG ZOÉ Aratangariza abamukuririkirana n’abakunzi B’umuziki w’Uburundi kubaha album izoza yitwa "SIRWANJE ALBUM"

Big Zoé Umuririmvyi akora umudiho wa Hip Hop Muri Gospel Aratangariza abakunzi biwe ko Vuba cane asohora album izoza yitwa "SIRWANJE ALBUM"

Inyuma y’igihe kitari gito yitegurira gusohora "ALBUM" Ariko bikamunanira bivanye n’utugorane tumwe tumwe twagiye turamugora, Ubu agiye Gusohora izoza Ifise indirimbo zigera kuri cumi (10).

Mugihe aheruka Kubaha vidéo y’indirimbo Yise "Tripalium" ku ruhande rwe avugako agiye Gukora cane Kugira Gospel canke umuziki wiwe Ugere Kure cane hashoboka.

Mur’iyo Album Harimwo indirimbo Yagiye arakorana n’abandi baririmvyi nka "Berry Music","Prince Mshindi","Marakhey" n’abandi Benshi.

Amakuru dukesha abakunzi biwe hamwe no ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha avugako iyo Album izoba igurwa amafaranga 25.000 Kuduga vy’amafaranga y’Amarundi canke 30$ Kuduga

Urashaka kuzoba mu bambere mu kuronka iyo Album mwandikire Ku mbuga ziwe ngurukanabumenyi ni "Big Zoé".

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO