UBURUNDI : Best Music avuye mugacerere asangiza indirimbo ADDICTED arikumwe na Vestine
- by McBlizzo
- 11/05/2022 saa 09:58

Best Music ni umuririmvyi wa Gospel azwi nk’uwatanguje umurwi wa Best Life Music aheruka Gusohora ahabona indirimbo yiwe Nshasha Arikumwe Na Vestine Yamenyekanye cane Ku Ndirimbo yise "VUGA"
Inyuma y’amezi arenga munani ataboneka murubuga, Umuririmvyi Best Music azwi cane nk’uwatanguje umurwi Best Life Music inyuma yo kuwutanguza aca yakira agakiza ubu akaba aririmba umiziki ihayagiza Imana.
Inyuma y’amezi Umunani ataboneka Ubu aravuye mugacerere ashira ahabona indirimbo ADDICTED Arikumwe na Vestine Umuririmvyikazi w’umurundi nawenyene asanzwe aririmba umiziki uhayagiza Imana.
Vestine Yamenyekanye cane mundirimbo nyishi nk’aya B Face on the Flow hamwe niyiwe bwite yise vuga,abamwegereye bamubajijie Best Music impamvu yacaguye uwo mwigeme yishuye ati: "Impamvu nakoranye n’uwo mwigeme nuko nasanze iyo Ndirimbo Ariwe yoyishobora".
Ukaba ushigikiye izi mpano zidasanzwe ntugende utayiravye ngaho musi