BURUNDI: Crown BADDEST yashize hanze amasanamu y’indirimbo yiwe Nshasha

Inyuma y’umuraperi Kingorongoro hamwe na Sat B n’abandi bagiye baraca muri Management Ya Trust No Body(TNB), CROWN BADDEST nawe ubu ari musi y’ububwo burongozi yasohoye igikorwa gishasha.

Management Trust No Body isanzwe irongowe n’umuririmvyi witwa Wander Boy The Hero,ikaba yarigeze gufasha umuririmvyi Sat B Maze aja mugihugu ca Tanzanie akora indirimbo Yise NO LOVE.

Inyuma yaho baza kugiranira ikibazo baravana,Trust No Body TNB ntabwo yicaye yarabandanije irafasha umuraperi KINGORONGORO akora indirimbo arikumwe n’umuririmvyi wo mugohugu ca Tanzanie Ariwe BARAKA DHA PRINCE Inyuma yaho akora Iyindi Arikumwe na COUNTRY BOY Yahoze muri KONDE GANG.

TNB n’imwe muri Management ihagarariye ibikorwa vy’uyu muririmvyi CROWN BADDEST inyuma yo kuvana n’abo bandi baririmvyi ikaba yatangaje KO Igiye gufasha Uyo muririmvyi CROWN BADDEST uyu musi akaba ari naho yasohora amasanamu y’indirimbo No RETIRE.

Amasanamu akaba yakozwe n’umuhinyanyuzi akomeye cane azwi Nka Logic Jamal,amakuru dukesha Management yiwe babwiye Genesisbizz Ko ibikorwa vyinshi bigiye kuza kandi n’abandi baririmvyi bashasha mugiye kubabona.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO