BURUNDI : Umviriza amateka adasanzwe ya Dj Solight

DJ Solight N’umu DJ ariko arabikora neza mu gutez’imbere umuziki w’Abarundi akaba akorera Isamirizi Humuriza FM.

Ni umusore azwi ku mazina yahawe n’abavyeyi "Bicamumpaka Soliva" umuziki ukaba wamwise DJ Solight ava mu ntara ya Gitega commune Gitega zone Mubuga akaba yavutse muri 1995.

Akaba yamenyekanye ku mazina yubuhizi nka Solight aho yatanguye aririmba muri 2011 birangira ahinduye umwuga aho muri 2018 yahitamwo gukomeza umwuga wo kuvuza umuziki (Dj).

Ntivyarangiriye aho yahise agomwa kuba umu Dj wa radiyo Humuriza iri mu ntara ya Gitega, nyene gushika aho inyuma y’umwaka umwe bashimye uko abikora bamuha ikiganiro ciwe muri 2019.

Gushika ubu kimugejeje aho ageze ndetse kikaba arinaco kigejeje nakure i radiyo aho ndavuga ko ari mubagizemwo uruhara mukumenyekanisha i radiyo biciye mu kiganiro ciwe "mixlive" gihurumbirwa na benshi mu basani na cane cane bo mugisagra ca Bujumbura.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO