BURUNDI: Dj Elise & We Love Muzik mu myiteguro yo guha abakunzi indirimbo bise "Bounce"

Ni dj Elise & We Love Muzik aho bagira bashire hanze indirimbo bise ’’BOUNCE’’. Aba nibamwe mubaririvyi bakomeye cane muburundi ,aho mubazi mundirimbo zigiye zitandukanye .
Duhereye kuri We Love Muzik nibamwe mubaririvyi bakora indirimbo zigakudwa na benshi ,aho bari baheruka gushira hanze EP ,aho iyo EP abenshi bayimenye ndeste inakudwa nabenshi ,aho harimwo nindirimbo yakozwe numuhinyanyuzi akomeye cane mu Rwanda azwi kwizina rya Element.
Kirikou akili ari mubaririvyi bakiri bato cane aho yahora muri Bantu Bwoy ubu akaba atakibarizwayo aho baciye bashinga iyabo bise BILIMAN BOY iyo nimwe irimwo numuririvyi akomeye cane azwi kwizina rya Double Jay aho abo basore bagumye bashira hamwe kugeza ino saha aho banafise indirimbo bise ’’IBISUSU’’ aho yakuzwe nabatari bake.
Raba "Ibisusu" ngaha.