BURUNDI : IHURIRO TV yateye akamo Abarundi ibasaba gukunda Sinema y’Uburundi kugira nabo batere imbere.

IHURIRO TV ni umurwi usazwe werekana sinema hamwe na commedie ,akaba ariwo murwi wambere ufise abantu benshi bawukwirikirana kuri youtube bagera kuri 224000 ,akaba ariwo wambere watanguye gutahukana agashimwe ka youtube.
Uyu murwi wateye akamo uca usaba Abarundi gukunda sinema y’Uburundi kuko sinema izatera imbere ishigikiwe n’abenegihugu.
IHURIRO TV akaba ariyo yambere yatanguye kuronka abantu umuriyoni (1million )baraba video mumisi 27 .
IHURIRO TV ikaba ifise serie iriko irakina abenshi bakaba barayikunze ,ikaba yitwa ’’MARIO’’ ,iyo sinema irimwo impanuro nyinshi zigisha .