UBURUNDI: "IMBOGO" niryo zina ry’indirimbo umuririmvyi Akes Don Agiye gusohorera amasanamu

Inyuma y’iyo yise Tamba Akes Don agiye Gusangiza ikindi gikorwa abakunzi biwe,iyo ndirimbo ikazoza yitwa IMBOGO audio yayo ikaba yaramaze kuja hanze.

Akes Don n’umuririmvyi akaba n’umuhinyanyuzi,arongoye Ikinyamakuru Waka Light Tv akaba ari umuririmvyi yakoze Indirimbo nyinshi zigiye zitandukanye.

Inyuma yo kubaha iyo yise TAMBA Ubu naho agira abazanire ikindi gikorwa ariko akorera amasanamu inyuma yo kuyisohora amajwi gusa,Iyo ndirimbo Ikaba yitwa "IMBOGO".

Amakuru Dukesha abamwegereye Baratumenyesha ko ayo masanamu azoba asa neza ari kurwego akaba nawe avugako ayo masanamu ayizeye cane.

Ndakwibutsa ko akajambo IMBOGO kamaze imisi kabica mugihugu Kibanyi c’u Rwanda kakaba kazanywe n’umwigeme tuzi nka "DORE IMBOGO" Canke "VAVA".

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO