BURUNDI: Igitangaza mu muziki w’Uburundi nyuma yaho Fox Kad ashize indirimo kuri Youtube ikabura abayiraba

Fox Yashize indirimbo kuri youtube Channel Yiwe Maze irabura abayiraba (Views) ibintu bisa nk’igitangaza mu muziki wa Burundi. Kuva aho yayishirako haheze amasaha 8.

Mu kiganiro yagiranya na Genesisbizz yatubwiye ati:" Birababaje kubona Abaririmvyi dufata umwanya twandika indirimbo ibereye ugutwi tukongera tukigora tukayikora kubuhinga mpuzamakungu, twaraye amajoro turiko dukora ikizobanezereza kikanabubaka imitima Ya Bamwe Bamwe ariko Bikarangira turuhiye ubusa ."

Aho ni Mugihe Fox Kad Asanzwe Avuka I Burundi Bujumbura Aho bita Mu Ngagara, n’umuririmvyi asanzwe akora umudiho Wa R&B Asanzwe ARI muri Record lebel Ya "Focus studio" irongowe na Jems Morgan.

Yashizeko indirimbo Yise Isia ikaba yakwije amasaha atatu(3h) ikiri kuri Views 4 Ibintu biteye umubabaro n’ikongwe. Ubu nyuma y’amasaha 8 imaze kuronka abantu 6 bayirabye.

Ibibazo abakunzi B’umuziki wa Burundi babanda kwibaza bati: Mbega ni kutitaho ivyacu canke n’iki gituma umuziki udashika Kure?.

Natwe nk’abasesanguzi ba Genesis TV Rwanda tubandanya tubatohoreza Amakuru uko biri kwose tuzoguma tubaryohera ariko ntugende utaravye uko vyifashe abakunzi B’umuziki w’i Burundi babandanya kwumirwa .

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO