BURUNDI: Indirimbo "Arabesha" yatumye amenyekana

Meili ni umuririvyikazi w’Umurundi umaze kumenyekana cane kubera indirimbo yise Arabesha.

Meili numuririvyikazi azwi kwizina yahawe nabavyeyi "Mugisha Merveille" aho abenshi bamuzi kuri Meili anakoresha mu muziki.

Meili akaba yarize kaminuza muri Chine aho yatahukanye ubushimwe bwishi bugiye butandukanye.

Aha muri Chine akaba yarahakuye nizina ritangaje abenshi bakaba batari bazi ico risigura.

Meili nizina ryo muri Chine risigura muri Anglais (beautiful) bisobanuye umuntu mwiza cyangwa ikintu cyiza.

Aha muri Chine akaba yamazeyo imyaka igera kuri 5 ,agaruka mu Burundi muri 2019.

Mu mwaka wa 2019 akaba yashiste akora karaoke muri Arena ,mu nyuma niho yinjira mu muziki asohora indirimbo ya mbere yise ’’DUKATE’’,mu nyuma asohora ’’ARABESHA’’ akaba ariyo ndirimbo yamuhaye inzira .

Meili akaba aheruka no gushira hanze indirimbo yise ’’PAM PANA’’

Raba Pam Pana hano

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO