BURUNDI : Lolilo Simba yashize hanze Cover y’indirimbo yise ’’NZOTEGEREZA’’.

Lolilo ni umuhanzi w’Umurundi uri mu bakunzwe cane. uyu muhanzi yaraheruka gushira hanze indirimbo nsha yakoranye na Alikiba ava mugihugu ca Tanzanie iyo ndirimbo bakaba bari bayise ’’MAGIC MIRROR’’. Kuri ubu yamaze gushira hanze indi ndirimbo nsha.

Iyi ndirimbo nsha yashize hanze yayise "Nzotegereza" ndetse ni indirimbo yavugishije benshi aho bamuca intege mu mwuga we, Gusa we yavuze ko azaguma kukivi akora.

Lolilo Simba igihe yaja mugihugu ca Tanzanie niho yavuga amajambo yerekana katari Umurundi ,ariko asaba ubufasha DIAMOND ,aho yavuze amajambo atuma aba star b’Abarundi bamubona muyindi shusho.

Ubu ngubu LOLILO SIMBA akaba agira abazanire ikindi gikorwa ,murazi yuko atigera ata hasi ,akaba agira abazanire igikorwa yise ’’NZOTEGEREZA’’.

Raba indirimbo "Magic Mirror" ya Lolilo Simba na Alikiba ngaha.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO