BURUNDI: Miss Marielle avuga ko yinjiye muri Miss Kayanza kugira ahe ishusho nziza abigeme bo mu Kayanza

Miss Marielle yatowe nka Miss Kayanza avuga amajambo akomeye ayerekeza ku bigeme bo mu Ntara ya Kayanza .

Ni Miss Marielle azwi kwizina yahawe n’abavyeyi Marielle Aduhe ,aho yatowe nka Miss kayanza ,akaba avuga igituma yagiye muri Miss ko hari vyinshi vyatumye ajayo nko guha ishusho nziza abigeme .

Mu kiganiro yagiranye na Genesisbizz, Miss Marielle yatubwiye ko icambere catumye aja mu mahiganwa ya Miss Kayanza ,ngo nuko hari benshi bafise imigambi bakabura uko bayishikana kure ,muga we ngumwituye ico kibazo arabigufashamwo kugira bishike kure .

Miss Marielle akavuga kandi icatumye aja muri Miss Kayanza ,kugira ahe ishusho nziza abigeme bo mu Ntara ya Kayanza , aho ugiye urumwigeme ava mwiyo ntara abenshi bakuvugako vyinshi ,muga we yaje gufata vyose kugira bababone neza .

Akanasaba abigeme bose ko boreka kurera amaboko ,ahubwo bakoreshe inguvu zabo bareke kuzicarika , kuko umwigeme n’umusore nico kimwe rero ntiturabe ngo turabigeme ahubwo dukore tutaravye abo turi.

Miss Marielle akaba yashikirije umugambi wiwe "The Women empowerment and innovation in technology".

Ni umugambi urimo guhimiriza abakobwa bo mu runganwe Canke batoyi bacu bijukire gukor cane mu bintu vyama TICs (ibijanye n’ubuhinga ngurukana bumenyi; n’imyuga muri rusangi ) ndetse no kwihangira imirimo bivuye Ku ngabire zitandukanye bafise.

Miss Marielle agasaba umuntu wese yumva yotere intege Canke yoshigikira mu kubandanya muruwo mugambi arahawe ikaze.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO