BURUNDI : Sabbas usazwe ari umuririvyi w’indirimbo zo guhimbaza Imana agarutse muri sinema yise "Ubuzima"

Umwe mu baririvyi bakunzwe cane mu ndirimbo zo kuramya no guhimbaza Imana witwa Sabbas yatangarije abakunzi biwe ko abafitiye igikorwa gisha gitandukanye n’indirimbo zisazwe. Uyu muririvyi yashize hanze sinema yifuza gusangiza abakunzi biwe.

Sabbas numwe mubaririvyi b’Uburundi baririmba gospel ,akaba ariko ashira hanze sinema yise ’’UBUZIMA’’.

Uyu muririvyi uri mubakuzwe cane mu Burundi, arahamagarira buri wese kumushigikira muri iyi sinema nshasha.

Sabbas inyuma yivyo vyose akaba arumu Nyamideri ,akaba asazwe yambika abantu bakaberwa .

Sabbas aho yashira hanze ’’UBUZIMA’’ igice ya kabiri mu musi umwe gusa, cari kimaze kurabwa n’abagera muri 8658 kuva igihe twategura iyi nkuru.

Sabbas agatera akamo Abarundi kuguma bakurikirana ivyabo kugira bishike kure .

Raba sinema ’’UBUZIMA’’ ngaha

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO