BURUNDI: "Umva" niryo zina ry’indirimbo "Pablo Tiken" Yasangije abakunzi biwe Ari kumwe na Emery sun
- by McBlizzo
- 23/02/2022 saa 10:50

Inyuma yo Gukora Indirimbo na B Face On flow ni Pablo Tiken yarekuye Ikindi gikorwa Arikumwe na Ir Emery Sun .
Palo Tiken asanzwe ari Umuririmvyi w’Umurundi akorera umuziki wiwe mu gisagara ca Dubaï, Amakuru dukesha abakunzi biwe bamwegereye bavugako akunda igihugu c’Uburundi kurusha ibindi vyose.
Inyuma yo gukorana indirimbo na B-Face bise "Vuga Ikirundi" Ubu naho yagarutse n’indirimbo "Umva" yakoranye na Emery Sun.
Emery Sun N’umuririmvyi Avuka I Burundi mu gisagara ca Bujumbura, Aho bita Mu Kanyosha Akaba yaheruka gusangiza abakunzi b’umuziki w’i Burundi igikorwa yise Indyarya .
Indirimbo "Umva" urayisangamwo umu comédien akomeye cane w’Umurundi ariwe Isamaïl Gasore N’abandi Bagiye batandukanye.
Raba indirimbo "Umva" ya Pablo Tiken na Emery Sun ngaha.
Ibitekerezo
Mbanje kubashimira mubikora neza iyo ndirimbo umva by pablo tiken ft emery sun niyo nayemeye ifise amajambo meza cane