BURUNDI: Ubuzima bw’Umuririmvyi Costa Coks aririmba Gospel

Costa Coks ni umuririmvyi w’Umurundi uzwi cane mu ndirimbo zo guhimbaza Imana (Gospel Music) ndetse ni umwe mu bafite amateka atangaje.

Costa Coks ni umuririmvyi w’Umurundi wahawe amazina HABONIMANA Costa n’abavyeyi biwe.

Costa akaba ari umwana wakabiri mubana batandatu. Uyu muririmvyi atangaza ko aturuka mu muryango w’abaririnvyi Bamenyekanye cane muri bino bihugu vyacu.

Akarorero ni Oncle wiwe "Habonimana Appolinaire (Apôtre)" Umwe tuzi mubamurikiye benshi muruyu muziki.

Uyu mwana rero nawe yaje afise impano yo kuririmba Aho atubwira ko yabitanguye akiri muto yatanguye arumucuraranzi kuri Drum(Ingoma, Guitare ) inyuma yaho atangura Ibikorwa vyo kuririmba.

Yabitanguriye muri Eglise arakomeza Ubu akabakora na Carrière Solo, Ibikorwa vyiwe biri kumbuga ziwe wandika Costa Coks official kuri Youtube, Instagram, na Facebook.

Costa Coks Yize amashure yiwe yintango kuri École Saint Louis de Gonzague acahereza Amashure yisumbuye kuri Lycée Municipal Nyakabiga, Aho yahavuye atangaje benshi mukwandika no gukora neza ururirimbo rwiryoshure gushika nubu rukaba rukiririmbwa , nk’urururirimbo ry’Ishure.

Costa Coks numuririnvyi akongera akaba umwanditsi vubacane aratumenyesha kw’agiye kuduha ibindibikorwa bishasha

Kurikirana Yaramamaye by Costa Coks Mubandanye mumushigikira.

Raba indirimbo "Yaramamaye" ya Costa Cocks ngaha.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO