Agahugu katagira Umuco karacika umuhanzi Maguru agaragaje uruhare rw’umuziki...
- 12/05/2022 saa 15:56
Ree Throne ni umuririmvyikazi ukomoka mu gihugu cy’Uburundi aho ari gutanga akazoza mu muziki kubera impano idasanzwe afite mu kuririmba.
Ree Throne ni umuririmvyikazi w’umurundi asanzwe ava i Bujumbura akaba yaratanguye umuziki muri 2021.
Uyu muririmvyikazi avuka mu muryango w’abana bane ndetse atungura abantu benshi bitewe n’ubuhinga afite mu kuririmba ku myaka mike kuko afite 21 gusa.
Atangura gukora indirimbo ya mbere hari tariki 10/12/2021, indirimbo ya mbere yakoze akaba yarayise "Bado".
Iyi ndirimbo yakozwe n’umuhinyanyuzi azwi kw’izina rya X_fecta ndetse ikaba yasohoste ifise amasanamu meza cane yakozwe na Kibanomic, akaba ariko aravyitwaramwo neza cane mu gutunganya amasanamu agezweho.
Raba "Bado" by Ree_throne hano