UBURUNDI: Umurundi arongoye abandi Barundi baba Muri Amerika aje Guhuza Sat B n’a Big Fizzo

Sat B,Big Fizzo na Kidumu n’abandi Benshi bagiye guhurira kuri Stage imwe Inyuma yo guhanwa ikiraka n’ishirahamwe Dicobu.

Inyuma y’igihe kirerekire tutabona ibiteramo nkibi bihuza abaririmvyi bakomeye nka Sat B,Big Fizzo na Kidumu ubu bagiye guteramishisha abanyagihugu igenekerezo rya 22/7/2022 mugiteramo ciswe Diaspora Home Coming 2022.

Ivyo bishikirizwa n’umwe mubarongoye ishirahamwe Dicobu Samuel NDAYIRAGIJE aho yaraye ashitse I Burundi mugihugu ciwe c’amavuko akamenyesha Ko ibikorwa vya DICOBU bitagiye guhagarara cane muvy’umuziki ahubwo bagiye no gukira abantu barwaye kwa muganga vyanse ko bavayo mukubura amafaranga yo kuriha ibitaro.

Aratwibutsa kandi ko muri ico giteramo kizoba igenekerezo rya 22/7/2022 hazoba harimwo ibihangane Vyinshi harimwo n’abaririmvyi bo mukarere nka Social Moulla.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO