BURUNDI: VICTORIOUS TEAM umurwi ukora indirimbo zihayagiza Imana Bagiye kugaruka kandi Inyuma yo kubasangiza "Mimshaka"

Victorious Team Inyuma y’ukwezi bagarutse k’urubuga nkuko Ngo abakunzi Babo basanzwe babizi ko batigera babamaramaza.

Victorious Team n’umurwi watanguye Mu mwaka wa 2016, n’umurwi ihurikiyemwo imisore n’inkumi, Umwe muribo Ariwe Davy Victorious team Akaba ari Nawe yabegeranije abashira hamwe aratubwira ko ari Iyerekwa ryahabaye kugira uwo murwi uboneke.

Inyuma yaho Victorious Team yarakoze ibikorwa vyinshi Harimwo n’igiteramo Bise Kainos Indirimbo zigiye zitandukanye Harimwo "Provider" , "Ekissa", n’izindi zakunzwe n’abakunzi Babo.

Umwaka wa 2022 watanguye neza kuri bo nk’uko babivuga Batanguriye ku Ndirimbo bise "Mimshaka" Indirimbo zabo zikorwa n’umuhinyanyuzi w’amasanamu "OliBlack" Audio zigakorwa na Trick on the beat.

Inyuma Ya "Mimshaka" baramenyesha abakunzi babo KO Bagiye kugaruka Vuba cane Mubandanye muryoherwa na "Mimshaka".

Genesisbizz

Related Articles

Ibitekerezo

  • - Citegetse Ness-Renel

    Victorious Team ndayifana🔥🔥

  • - Leon ngendanzi

    Vyukuri turanezerew kubwanyu kuko indirimbo zanyu zirimwo ubwenge bw'Imana kandi muhishura Christo

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO