BURUNDI : igenekerezo rya 27 Ruhuhuma niho haba umubonano w’aba Promoter bakorera ku mbuga ngurukanabumenyi

Impanuro Isaac umurongozi mukuru wa Isaac TV yahaye aba Promoters mu Mubonano Bari bafise mu ntumbero yo kwipfurizanya umwaka mushasha.

Ku musi w’Imana ku igenekerezo rya 27 Ruhuhuma niho haba umubonano wahuje Aba Promoters b’ î Burundi mu ntumbero yo kwipfurizanya umwaka mushasha.

Uwo Mubonano ukaba witabwe kubwisho n’abamwe muba Promoters,aba youtubers n’abakunzi B’umuziki w’i Burundi n’abakunzi babo.

Muri Uwo Mubonano havugiwemwo vyinshi cane cane Kuri Ricklove Promoter, Guy Bienfait, McBlizzo asanzwe arongoye ikinyamakuru Flip G TV Akaba ari n’umukozi w’ikinyamakuru Genesisbizz, Sandor akorera Kz Media Akaba ari n’umwanditsi Kuri GenesisBizz, utibagiye n’a Isaac arongoye Isaac TV n’abandi Bagiye baravuga.

Mw’ijambo bamwe bamwe Bagiye baravuga haragarukamwo ikibazo c’uko ABA Promoters badahabwa agaciro, Abaririmvyi b’i Burundi bo batazi agaciro ABA Promoters bafise kuruhara rwo Gukwiragiza umuziki ndundi.

Mugusozera Isaac asanzwe arongoye ikinyamakuru Isaac TV yaratanze Impanuro kurabo ba Promoter avuga Ati: "Ngira mvuge ibintu mumice itatu, Kuba Promoters baraha n’abatashoboye gushika ngaha, Hama nce nsimbira Ku baririmvyi , Hama ubutegetsi".

Ati " Kuri mwebwe ba promoters ico Nobasaba nukuba uwo ushaka Kuba we page yawe nyimba uyikoze ibe Ariyo Gutukana nawe bazokubona nk’uko page yawe iri, Ikindi naco mumenye ko page itegerezwa kubabeshaho uko vyagenda kwose , ku baririmvyi namwe mumenye agaciro aba Promoters bafise Hama mubahe agaciro bakwiriye."

Yakomeje avuga ati" "Ijambo noshikiriza CNC Nuko yokwiga ikibazo canyu Hama ikabatunganiriza"

Yavuze vyinshi Ariko yaratanze Impanuro Kuri buri Umwe wese yari yicaye murico kibanza ndabibutsa ko yongeye kubasaba gukorera hamwe nk’ishirahamwe bakiteza Imbere.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO