Burundi : "Sorry" niyo ndirimbo nsha B Face agiye gushira hanze

B Face yamenyesheje abakunzi b’umuziki Ndundi kagira abahe indirimbo nsha yise ’’SORRY’’.

B Face numwe mu baririvyi babikora neza cane ndeste bakitangira umuziki wu Burundi , akaba ari no muba Rappeur babikora neza cane mu gihugu cu Burundi .

B Face akaba yaraheruka kubaha indirimbo yise ’’IBIBAZO partie 2’’ aho iyo ndirimbo yari kumwe n’abaririvyi benshi bagiye batandukanye ,akaba ariwe anabafasha kugira bashikane impano yabo kure hashoboka .

B Face aho yari yarateguje abakunzi b’umuziki ndundi ,ati : "Uwobaha akaririmbo kagenda bukebuke mwumva gute ’’ none tukibaza mbega iyo ndirimbo yemereye abakunzi b’umuziki ndundi niyo azokwita ’’SORRY’’.

B Face akaba ari no mubaririvyi batigera bata hasi aho asohoye indirimbo ishika Kure hashoboka .

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO