Burundi : "Commercial Ep Niryo zina ry’urukurikirane rw’indirimbo Umurwi "Les Jumeaux Music Club" Watangaje Ko Ugiye Gusohora

Umurwi Les Jumeaux Music Club Uragarutse Kandi n’urukurikirane rw’indirimbo Umunani (8),Urwo rukurikirane rukazoba rwitwa "Commercial Ep".

Les Jumeaux Music Club n’umurwi Ugizwe n’abahungu babiri bakaba bakunda kuririmba umuziki W’ikibiriraho Umwe twita Live Music.

Uwo murwi watanguye kuva kera ariko uza kumenyekana Muri 2021 niho abakunzi Benshi babo batangura kubahurumbira nivanye n’ingabirano bafise.Ubu bakaba Bagiye Gusohora urukurikirana rw’indirimbo Umunani.

Amakuru dukesha ababegereye n’abakunzi B’umuziki Bavuga Ko Iyo Ep Izoza irimwo Indirimbo zikozwe neza Kuko Kubwabo basanzwe bivugiriza ibikoresho bimwe Kandibakaba bazi nivyo baririmba, Reka Turindire Tuze twumve uko bizoba bimeze.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO