Burundi :DJ Philbyte yadusangije uburyo yatanguye umwuga wubu DJ

Dj Philbyte yatanguye umwuga wubu DJ muri 2013,mu nyuma yagiye akore vyishi bikudwa cane ,ndeste atangura no kuza arakorana n’abaririvyi bagiye batandukanye.

DJ Philbyte azwi kwizina yahawe n’abavyeyi Cimpaye Philbert , yaje gutangura umwuga wubu DJ mu mwaka wa 2013, Aho Yatangura kuvuza mu bubare no mu ma club agiye atandukanye yo mu muji wa Bujumbura .

Niho yagiye arizerwa atumirwa mu biteramo bigiye bitandukanye , Niho yaciye atangura kumenyekana nkumu DJ abishoboye .

DJ philbyte na bagenzi biwe baje gutanguza umurwi bise Runtowndjs, niho DJ Philbyte yaca atangura gukorana n’abaririvyi batandukanye .

Yaje gutangura gukorana indirimbo na B Face ,indirimbo bise ’’OLOHA’’,nindirimbo yashiste Kure hashoboka ndeste hatandukanye , aho yanabaye indirimbo ya mbere yakiriwe Neza n’abakunzi b’umuziki Ndundi.

Mu nyuma yaciye akwirikiza indirimbo nyishi zigiye zitandukanye ,aho zakuzwe cane mu gihugu cu Burundi .

DJ Philbyte yaje gutanguza Mixtape ’’BUJA VIBES’’ aho kwari ukugira afashe kwamamaza indirimbo z’abaririvyi bu Burundi , Ubu mugihugu cu Burundi akaba arizo zambere zirabwa n’abantu benshi cane.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO