Burundi: Saido Berahino yatsinze ibitsindo bitatu wenyene ivyo bita ’’hat_trick’’

Saido Berahino yatsinze ibitsindo bitatu ,yongera atanga umupira uvamwo igitsindo bita assist.

Ni Saido Berahino arumukinyi avyitwaramwo neza akaba akomoka mu gihugu cu Burundi ,akaba asazwe akinira umurwi witwa SwfCofficial .

Saido Berahino akaba yirahiye umurwi witwa Cambridge united Fc , aho uwo mukinyi yatsinze ibitsindo bitatu bimwe bita ’’hat_trick’’, aho yabitsinze ku mwanya wa 37’ 41’ 54’, aho yanatanze umupira wongera kuvamwo igitsindo bita assist ku munota wa 48’.

Aho uwo murwi Swfcofficial wirahiye ibitsindo bitandatu umurwi wa Cambridge united Fc.

Ibinyamakuru vyinshi vyongeye kuvuga ku mukinyi Saido Berahino ko agarutse , bikanavuga koyasubiye kurugero yariko ,bati ’’Berahino is Back ’’.

Ivyo binyamakuru bikaba vyavuze yuko yaheruka gutsinda ibitsindo vyinshi muri 2015,Akiri mu murwi wa West Broom, aho yatsinze ibitsindo bine wenyene bakina nu murwi wa GateShead mu gikombe ca FA CUP.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO