Burundi :Umviriza Déline Igiraneza igituma yagiye muri Miss Kayanza

Déline Igiraneza wagiye muri Miss Kayanza yadutangarije impamvu yitabiriye aya marushanwa.
Mu kiganiro yagiranye na Genesisbizz yatubwiye ati:" igituma ninjiye muri Miss Kayanza nuko narimfise imigambi myishi mbura uko ndayishikana imbere yabantu" .
Déline Igiraneza yatowe nka Miss Populaire mu ntara ya Kayanza ,aho mu kwiyumvira kuja mu mahiganwa ya Miss Kayanza aho yarafise imigambi myishi abura uko ayishikana imbere" .
Niho yaja mumahiganwa Miss Kayanza ,aca arakora kuburyo yaciye atorwa nka Miss Populaire ,niho yaca atangura kuronka ukuntu yoshikana imigambi yiwe imbere vyoroshe .
Ati gushikana imigambi imbere y’abantu sikintu coroshe ,kuko nabura uburyo bwo kuyishikana imbere kuburyo nabura nuwo ndayitura .
Ariko ninjiye muri Miss Kayanza vyaranyoroheye kuburyo butanganje ,aho nafashije abantu batari bake bivuye kuri jewe Déline Igiraneza .
Aho nafashije abari barwariye muri Hopital Kayanza ,ndeste n’abandi bagiye batandukanye ,aho yaciye agirako atera akamo abigeme ,ko batoniganwa n’ijambo kandi barifise .