Burundi :Umviriza amateka y’umuraperi w’Umurundi azwi kw’izina rya B Face .

B Face numwe mu bakoze amateka menshi mu baririvyi b’Abarundi, aho kugeza uno mwanya akoze indirimbo itegerezwa kwamamara ahantu hatandukanye.

B Face akaba azwi kwizina yahawe n’abavyeyi Girukwishaka Boniface akaba avuka mu muryango w’abana 7 akaba agira 4,akaba ava mu ntara ya Kayanza.

B Face yaje gutangura umuziki muri 2010 ,aho yatanguriye ku ndirimbo ari kumwe n’umuhinyanhuzi akomeye cane mu Burundi azwi kwizina rya Amir ,aho uwo muhinyanyuzi ryari iryambere aririvye kugeza nubu akaba atarasubira kuririmba.

Muri 2010 nyene yaje gutangura ama collabo arikumwe n’abaririvyi bakomeye cane nka Team izwi kwizina rya INDIMU ,hamwe na Mkombozi ,kuko ico gihe bari mubaririvyi bakuzwe cane .

B Face yaje gutangura kurira stage muri 2014 kuko yaramaze gushira indirimbo hanze zitari nke .

B Face muri 2015 yaje kujabuka aja mu gihugu c’u Rwanda ,aho yashiste akorana indirimbo na Mico The Best ikaba yari yitwa ’’BIRARYOHA’’ ,mu nyuma yaje gusangayo Yoya Jamal nawe bakorana indirimbo yitwa ’’STRESS’’ iyo ndirimbo ikaba ariyo yatumye amenyekana cane ,ndeste no mu mihingo itandukanye .

Muri 2016 yaje gusubira mu Burundi avanyeyo indirimbo zitari nke ,aho muri zimwe yari yazisohoye ,izindi atarazishira hanze.

B Face muri 2017 yaje gusohora indirimbo yakoreye mu Rwanda yitwa ’’LA DIFFERENCE’’ ,aho iyo indirimbo yatumye aboneka kariwe mu rapeur wa mbere .

Nyuma yaje kuronka team imufasha ,aho yamutwaye gukorera Tanzaniya muri studio zikomeye cane nka Wasafi n’izindi ,aho yaje kuzanana na Darassa umuririvyi akomeye wo mu gihugu ca Tanzaniya ,aho bakoranye vyinshi nk’ibiteramo bikomeye cane mu Burundi .

Muri 2019 yaje gukorana na Tom Close iyo ndirimbo aho yamenyekanye ahantu heshi hagiye hatandukanye.

Muri 2021 yaje gutwara primustar ihiganwa yari yateguwe na Brarudi,aho yabaye uwambere aca atwara 15,000,000fbu.

Kuva muri 2017, niwe yagumye atwara Best Rapper kugeza n’ubu ntanumwe aramukoreramwo ,akaba aza mu baririvyi ba mbere b’abaraperi bafise udushimwe (award) twinshi, aho amaze kuronka indwi.

Ubu B Face agiye gushira hanze umushinga w’indirimbo yakoranye na Sat B mu misi ya vuba.

Genesisbizz

Related Articles

Ibitekerezo

  • - Hetman rené

    B face is the best rapper

  • - Deline

    Keep going on bface🙏wish u all the best muvyukora vyose🥰

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO