Burundi: Umviriza amateka ya Kaboss asazwe aru mumenyesha makuru wa ’’Jimbere Magazine"

Kaboss numwe mu bamenyesha makuru baciye mu bintu bigoye ,gusa ntiyaciste intege yagumye akora . Kugeza ubu ni umwe mu bamenyesha makuru ba Jimbere Magazine.

Ni Kaboss azwi kwizina yahawe n’abavyeyi Chabir Cubahiro ,aho ariko akora amateka mu mwuga wo kumenyesha amakuru.

Aho imbere yu kuba umu menyesha makuru yatanguye kuba umu mecanicien ,ndeste ananyonga imodoka zunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura aho ako kazi abenshi bakagaya ,muga we ntiyaravye ngo karagayiste yagumye akora .

Mu nyuma yaje guhura n’umumenyesha makuru azwi kwizina rya Hosy Irakoze ,aca aronka chance yo kuja gutangura umwuga wo kumenyekanisha amakuru ,aho hari muri 2020 ,niho yatangura gukora muri Siren Vibes Tv , aza arakora ibiganiro birakudwa cane ,Kaboss numwe akoze ikiganiro gikudwa nabantu benshi .

Kaboss yaje gukudwa na Jimbere Magazine , niho yaca imuhamagara kugira atangure gukora muri Jimbere Magazine.

Jimbere Magazine ikaba izwi mu binyamakuru bikomeye cane mu Burundi .

Kaboss yashiste yubaka amateka muri Jimbere Magazine ,aho yashiste akora ikiganiro citwa ’’Hang Out’’ ,aho ico kiganiro gikudwa cane , kuburyo kiri kwisonga ya mbere mu gihugu c’Uburundi.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO