Burundi: Wise Labesto yamenyesheje abakunzi b’umuziki Ndundi kagira abazanire indirimbo shasha

Wise Labesto yamenyesheje abakunzi b’umuziki Ndundi kagira abazanire ikindi gikorwa ,aho inyuma yaho yari yabahaye indirimbo yise ’’TEMPERATURE’’.

Ni Wise Labesto azwi kwizina yahawe n’abavyeyi Ineza Sage ,akaba yaravukiye mu Ntara ya Kayanza (i Matongo) aho yavuste itariki 11 Rusama 2005.

Akaba ari umuririvyikazi akiri muto cane aho no vuga yuko yaraheruka kuryohera abakunzi bumuziki ndundi kundirimbo yise ’’TEMPERATURE’’.

Akaba ariyo ndirimbo yiwe ya mbere ,aho no vuga y’uko yageze ahantu hatandukanye ,akeshi bikanagora abaririvyi benshi gushoka bamenyekana ku ndirimbo ya mbere,ariko Wise Labesto vyaramukundiye biraba .

Wise Labesto akaba yamenyesheje abakunzi b’umuziki Ndundi kagira abahe ikindi gikorwa ,aho Wise Labesto yaramaze imisi ari mu gacerere muga akaba agira abazanire ikindi gikorwa gishasha.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO