D lay yatangaje ko kumusi wagatatu azobaha indirimbo yiwe yambere yise ’’Umfate’’

D lay yamenyesheje abakunzi b’umuziki ndundi ko kumusi wa gatatu azobaha indirimbo ye yise ’’Umfate’’

D lay numuririvyi akiri muto asazwe abikora neza cane ,aho novuga yuko azoba ari indirimbo yiwe yambere ,akaba asazwe ari Umurundi akomoka muri province ya Makamba comune Nyanza_lac .

Amakuru twatohoje kuwakoze iyo ndirimbo yatubwiye yuko iyo ndirimbo ari ndirimbo nziza cane ndetse imeze neza cane ,akaba avuga yuko abenshi bazokwibaza kari umunyarwanda bivanye na style yayikozemwo , uwahinyanyuye iyo ndirimbo akaba azwi kw’izina rya Cizzo , numuhinyanyuzi asazwe abikora neza cane kandi bikomeye .

D lay akaba asaba abakunzi bumuziki ndundi kumushigikira ,akavuga yuko atazigera abamaramaza ,ahubwo azokwama abaha ibintu bimeze neza cane .

D lay akaba ari mu murwi usazwe witwa Maga dream Entertainment (MDE) , D lay akaba asazwe arikumwe nuwundi muririvyi abikora neza azwi kw’izina rya Young clever .

D lay akaba yatanganje yuko ku musi wa gatatu ko azobaha indirimbo yise ’’Umfate’’, agasaba abakunzi b’umuziki ndundi kumuba hafi katazigera abamaramaza .

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO