BURUNDI:DJ Brianne na Kenny sol baraye bashitse mugihugu cu Burundi

Dj brianne na Kenny sol baraye bashitse mugihugu cu Burundi.

Dj Brianne agishitse mu gisagara ca Bujumbura kuruyu wa kane 9/2/2023. Yaratubwiye vyinshi ku bijanye n’ubuzima bwiwe muri rusangi, n’ibijanye nuyo mwuga wiwe w’Ubu DJ, uko abantu bamufata.

Yagize ati : “Ngitangura ubu DJ, ntivyari vyoroshe. Sinari nshigikiwe. Nta mafaranga nari mfise. Mvuga amafaranga kuko amafaranga niyo akora vyose. Niyo atuma umenyekana, niyo atuma usa neza , wambara neza. Vyarangoye cane. Ariko kubera narinzi ivyo nshaka n’aho nshaka gushika, narakomeje ndarwana, kugeza aho bikunda. Ubu ndashima kuko si nkambere. Amafaranga make ndayafise”.

Dj Brianne yazananye na Kenny sol aho bitabiriye ibiteramo bibiri,kimwe kiza kuba unomunsi kuwa gatanu 10/02/2023 kuri MIKI Av. du Large n’ejo kuwa gatandatu 11/02/2023 kuri LENOX i Gitega.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO