BURUNDI:Erickson yamenyesheje abakunzi b’umuziki ndundi kagira ashire hanze indirimbo yiwe shasha

Erickson yavuye mugacerere abwira abakunzi b’umuziki ndundi kagira ashire ahabona indirimbo yiwe shasha.
Erickson numwe mubaririvyi babarindi aho asazwe ari numu police w’igihugu cu Burundi.
Aho uyo muririvyi hari haheze imisi itari mike ataboneka mu muziki ndundi , aho biboneka neza kari mumyiteguro yokubaha indirimbo shasha .
Aho nimugihe hari haheze imisi itari mike ashize hanze indirimbo yise ’’ivyishimo’’
Erickson akaba yatuyagiye avuga ati: "Nje ubutagisubira inyuma , nubwo sazwe ndumu police w’igihugu cu Burundi , nzogerageza vyose ndabikore , kandi nemere igihugu canje ca mavuko konzogishikana kure biciye mundirimbo , nkasaba abakunzi b’umuziki ndundi kubandanya bashigikira kugira shikane impano yanje kure .