BURUNDI:For you Niyo Ep Alvin smith aherutse gushira ahabona

Alvin smith aherutse gushira hanze Ep yise ’’For you’’.
Alvin smith numwe mubaririvyi babarundi ariko abikora neza ,aho novuga yuko ariko anakoresha inguvu nyishi kugira ashike kure hashoboka .
Aho nimugihe novuga yuko mugihugu cu Rwanda aza amaze kuhifatira ,aho nimugihe afise ama collabo meshi cane arikumwe nabaririvyi bakomeye cane murico gihugu ,aho novuga nka Juno Kizigenza ,Bwiza hamwe numurwi uzwi kw’izina rya Juda muzik .
Alvin smith akaba yatangaje benshi bivanye na Ep yashize hanze ,aho ihuriyemwo abaririvyi benshi bakomeye cane nka Chris Mb , Endo mike , B face , Double jay hamwe na Banda .
Aho uravye For you Ep ukuntu iriko irakurikiranwa ,biboneka neza yuko yakiriwe neza nabakunzi b’umuziki ndundi .
Alvin smith akaba yashikirije abakunzi b’umuziki yuko atako azogira kugira abanezere .