Sat-B yuguruye irindi shirahamwe rimuha amahera

Sat b yuguruje ishirahamwe ryitwa“ More Travel and Tours Burundi”, rifasha abantu mu bijanye n’ingendo
Umuririmvyi BIZIMANA Aboubakar KARUME batazira Sat-B aherutse kwugurura ishirahamwe ryiwe rishasha ryitwa “ More Travel and Tours Burundi”, rifasha abantu mu bijanye n’ingendo.
Uwo muririmvyi amenyesha ko iciyumviro co kwugurura iryo shirahamwe cavuye ku kuntu mu minsi iheze yagize ikibazo co kubura VISA, mu nyuma hibonekeza abantu benshi bipfuza kuja kubandaniriza ubuzima bwabo mu mahanga ariko bikagorana, bivanye no kubura ama tickets ku gihe bari bayakenereyemwo.
We rero yaciye afata umwanya ariyungunganya , aca ashiraho iryo shirahamwe.
Sat-B yamenyesheje ko yasanze yari yaratevye gushiraho uwo mugambi kuko abakiriya bamwitura ari benshi. Yagize ati: “ Ndashima intambwe ngezeko. Iminsi maze nkora nta ntambamyi ndahura nazo kuko nari niteguye neza.
Iri shirahamwe ryanje nkoresha abakozi barenga 13, harimwo abo twita aba commissionnaires n’abandi. Nipfuza ko mu myaka iza nzoba naryuguruje mu bindi bihugu, kugirango rishinge imizi.
Dutanga services zitandukanye nka Air Ticketing idandaza ama tickets, turatanga impapuro z’inzira tukagufasha no kurondera Visa, Turagufasha kukuzunguruka mu gihugu, ahantu hose hari ibibanza vyiratiro mu gisata citwa tours, tukanagufasha Kugufatira Hotels nziza ahantu hose wipfuza kuja. Mpamagariye abandi baririmvyi kwitwararika ubundi buzima hambavu y’umuziki, mu gukora ibindi bintu bizobabeshaho muri kazoza.