BURUNDI:Indirimbo 4 zose z’umuririmvyi D-One ziri mw’ihiganwa Isanganiro Award.

D one niwe afise indirimbo zigera kuri 4 mw’ihiganwa insaganiro award ndetse izo ndirimbo nazo ni ’’Ubwoba’’, ’’Morning’’, ’’Zero’’ hamwe na ’’Body’’..
Izacaguwe ngo zihiganwe zose hamwe, n’urutonde rw’indirimbo 20. Umuririmvyi D-One akaba ariwe wenyene yashoboye kugira amahirwe yo kugira indirimbo zirenga 1 muri iryo higanwa Isanganiro Award rigira 11.
D one bikaboneka yuko ariko akorana inguvu nyishi ,uravye indirimbo zose ashira hanze usanga izo zishitse kure hashoboka.
Izindi ndirimbo ziri muri iryo higanwa, twovuga nka ’’Madamu’’ ya Drama T, ’’Tagata’’ ya Ir Emery Sun ,’’Cotingo’’ ya Vania_Ice, ’’Bibaryahe’’ ya Ado Josan n’izindi.
Tubibutse ko indirimbo yatahukanye ikibanza cambere c’incuro igira 10 y’itunganywa ry’iryo higanwa ari "Kora" ya B-face On The’flo.