Ingorane zashikiye Masterland kugira ashire hanze indirimbo ’’Mafu’’

Raba nawe ingorane zashikiye umuririvyi wumurundi Masterland kugira ashire hanze indirimbo ’’Mafu’’.
Masterland ati : «Indirimbo ’’MAFU’’ yarangoye kuko twahuye n’ibisanga vyinshi
Igisanga ca mbere twahuye naco nuko tuvuye gukorera kuri Stade Intwari, batwivye Caméra.
Yakomeje avuga ko Ikindi kintu cabagoye kandi cama kigora n’abandi bose ari uburyo,gusa ashimira ababafashije kugira bikunde.
Uyu muhanzi avuga ko indirimbo imaze kumutwara uburyo bwinshi ni indirimbo yitwa ’’Nzobikora’’ yakoreye hanze y’igihugu muri Goma(RDC).
Yakomeje agira ati’’ Murabizi gufata ubwato bujamwo abantu 5000 ukabukoresha mu ndirimbo, waburishe , biba bigoye hatabaye abantu bagufasha,hama ndafise umukunzi. turamaranye imyaka ibiri, Gusa sinkunda kumwerekana.