Inyuma yo kuvavanura, “we love music” na label ya “dB Music” bari mu biganiro

Haraciye igihe tubona kumbuga zitandukanye z’abaririmvyi basanzwe bari mu mugwi wa “WE love music” bamenyesha ko batakirikumwe na label ya DB Music.

Aho ni mugihe haheze igihe bamenyesheje ko aboba babakeneye bobarondera baciye kuribo nyene.

Twaregereye umwe asanzwe ari mur’uwo mugwi ariwe GUSTO MELANiN aratwiganira ukuri kurayo makuru, aho agira ati: " Ntitukirikumwe na dB music,Harivyo badusavye ko dukora vyari mu masezerano turabikora ariko nabo harivyo twabasavye batabashije gukora niyo mpavu twahisemwo guhagarika amasezerano."


Gusto yabandanije atwiganira ko ikibazo kigisigaye ari ic’Imbuga ngurukana bumenyi zabo zigifiswe niyo label, Kikaba mbere ari kimwe muvyatumye basubira mu biganiro.

Yagize ati: "label ya dB Music niyo igifise imbuga zacu ariko hari ibiganiro turimwo turizera ko tuzozigarukana vuba".

Mugihe hari benshi bari bibaza ko hariho iyindi label yoba iriko irabarondera, Gusto arabihakana, Yamenyesheje ati: "Muri Kano kanya turiko dukora ku gatwe kacu nta label nimwe turavugana."

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO