Sabbas yateguye igiteramo yise Itara ry’umuririvyi Igice ca kabiri

Sabbas akaba asubire gukora concert yise Itara ry’umuririvyi igice ca kabiri (2e édition) ’’Muririvyi murikira Uburundi n’amakungu’’.

Sabbas akaba ariwe yatanguje iyi événement hakaba hari muri 2021 ,aho avuga yuko ifasha abaririvyi cane mukwigishanya kugira ibikorwa vyabo bishike Kure ,aho Sabbas avuga yuko icivugo cabo ari ’’Muririvyi murikira Uburundi n’amakungu’’.

Ivyo akaba yabikoze kumvo yuko usanga abaririvyi benshi bagira copier coller kundirimbo zabanyamahanga , akavuga yuko umuririvyi wese w’Umurundi akwiye gukanguka agakora kugira ibikorwa vyiwe bimurikire igihugu ciwe c’amavuko ,Sabbas akongera akaba ari numukinyi wa filime .

Akaba ariko ategura igice ca kabiri (2e édition) aho bayise Itara ry’umuririvyi ’’Muririvyi murikira Uburundi n’amakungu’’.

Aho hatumiwe abaririvyi benshi bagiye batandukanye ndetse bakomeye cane , aho muzobonamwo umuririvyi akomeye cane azwi kwizina rya Rose Muhando asazwe akomoka mu gihugu ca Tanzaniya .

Sabbas bikaboneka karumwe mubaririvyi ba gospel bariko babikora neza , aho iyo concert ifasha cane abaririvyi ba gospel , ndetse Sabbas inyuma y’umuziki wa gospel aho asazwe akora na filime .

Sabbas akaba asaba umukunzi w’indirimbo za gospel kuhashika kugira mubashigikire aho bizoba igenekerezo rya 29/04/2022 gushika igenekerezo rya 01/05/2022.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO