BURUNDI:John Elarts aguma yizerwa mu makungu

John Elarts aguma yizerwa nabaririvyi bakomoka mubindi bihugu ,aho aherutse gukora amasanamu ya Juno Kizigenza na Bwiza.

Kuruyu wa gatanu niho hasohoka ikindi gikorwa gishasha aherutse gukorera abaririmvyi babiri Juno Kizigenza na Bwiza Emerance bava mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Iyo ndirimbo yitwa ’’SOJA’’.

Ikaba yakorewe amasanamu hano mu Burundi nyene. Mu masaha 17 imaze isohotse ikaba igeze ku bantu barenga ibihumbi 67 bamaze kuyiraba.(67K views).

Benshi bakaba bashima ibikorwa vyiza John Elarts ariko arakora, bituma abaririmvyi bo mu bindi bihugu bamusanga hano mu Burundi kugirango abakorere amasanamu.

Mwomenya ko mu kiringo c’amezi atarenga abiri gusa , John Elarts amaze gusohora indirimbo zababa 10.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO

To show your avatar with your message, register it first on gravatar.com (free et painless) and don’t forget to indicate your Email addresse here.