Jojo Model aheruka gukora isanamu yerekana kuba hamwe naba Nyamwema ko nabo ari abantu nkabandi

Jojo model haboneste ifoto arikumwe n’umunyamwema , aho yavuzweko vyinshi .

Ni Jojo Model umusore akiri muto cane ,aho asazwe akomoka mu gihugu cu Burundi , aho yashikirije amajambo akomeye cane ndetse akora kumitima yabose.

Yavuze ati: "Uguhohotera ,kugiriranabi,ukuburabuza,no kwica umunyamwema vyasubiriye! abanyamwema birababaza kuba ivyobintu bitarakugwaho".

" Abanyamwema barasaba ubufasha no gukingigwa bivuye kuri leta canke n’imiryango babayemwo. "

Hari abantu baziko bafise imishatsi y’abanyamwemwa canke inzara z’abanyamwema canke amagufa canke agahanga kabo bizana umugisha , canke ngiyo uhuye n’umunyamwema ngo bisaba ucire amate ku mpuzu yawe, ngiyo utabigize ngo uzovyara umunyamwema! mukibano nivyobazi.

Imyemerere hamwe n’ibindi bintu vy’imico bivurwa kubihimba vy’abanyamwema ko bitanga ubushobozi (puissance magic) turasaba ama société ari engagé mu kugwanya kugiriranabi, no guhohotera ,no gukumira abanyamwema twobasaba kobohagurukira rimwe bakagwanya amabi ariko akoregwa ba nyamwema agahera ndetse agahagarikwa Burundu.

Ivyo bikaba vyashikirijwe numwe mu banyamideli azwi kw’izina rya Jojo Model .

Aho nimugihe yaraheruka gushira hanze ifoto arikumwe n’umunyamwema ,iyo foto ikaba yaravuzweko vyinshi ndeste bikomeye cane

Ndetse Jojo Model akaguma asaba ko bo kubahiriza agateka k’umunyamwema

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO