BURUNDI:Kaboss4reel atubwiye amateka y’ikiganiro ’’Hang out’’

Hang out n’ikiganiro cazaywe n’umumenyesha makuru azwi kw’izina rya Kaboss4reel ,aho ico kiganiro gikorerwa kukinyamakuru gikomeye cane kizwi kw’izina rya JIMBERE MAGAZINE.
Kaboss4reel aho yagitangunje mu mwaka wa 2021 mu kwezi kw’icumi , Kaboss4reel akaba yatanguye gukorana nuwitwa Kirikou Akili .
Kaboss4reel akavuga yuko Hang out itajamwo abaririvyi gusa ahubwo ijamwo abantu batandukanye nka :abari muri politique , abaririvyi , aba pasteur , abikorera utwabo .
Kabos4reel kumakuru yashikirije Genesis tv avuga yuko Hang out yaje kugira izane iyindi shusho y’ibindi biganiro , akavuga yuko yaje nokwigisha kumenya abantu bagiye batandukanye.
Kaboss4reel ukabona neza yuko Hang out imushikanye kuntabwe ishimishije , akanatera intege abandi bamenyeshamakuru gukora kugira ushike kure .