Lipman wizzifi aho avuga kagira ashire ahabona indirimbo yise ’’Chapa kazi’’

Lipman wizzifi yamenyesheje abakunzi b’umuziki Ndundi kagira abazanire iyindi ndirimbo ,inyuma y’indirimbo yise ’’Babby’’.

Ni Lipman wizzifi asazwe akomoka mu gihugu cu Burundi , aho akorera akazi k’umuziki mu mahanga .

Lipman wizzifi aho yaraheruka kuduha indirimbo yise ’’Babby’’ iyo ndirimbo akaba yari kumwe n’umuririvyikazi w’umuzungu azwi kw’izina rya Jessica.

Lipman wizzifi aho novuga yuko ariko arakora cane mu baririvyi b’Abarundi bakorera umuziki mu mahanga , aho avuga yuko atazobicarika azoguma abaha ibintu bishasha .

Lipman wizzifi akaba agira azane n’indirimbo shasha yise ’’Chapakazi’’ ,n’indirimbo avuga y’uko azoyishira hanze itariki 24 , agasaba abakunzi b’umuziki Ndundi kuguma bamushigikira.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO