Lolilo Simba yamenyesheje indirimbo ziri muri Ep yiwe

Lolilo yamenyesheje abakunzi bumuziki Ndundi kagira ashire hanze Ep igizwe n’indirimbo zitandatu.

Lolilo Simba n’umwe mu baririvyi batanguye umuziki kuva kera , Lolilo Simba akaba akuzwe cane ndetse bikomeye cane .

Ni Lolilo Simba yaraheruka gushira hanze indirimbo zitari nke ndetse zakuzwe n’abantu bagiye batandukanye , ndetse zishika n’ahantu hagiye hatandukanye.

Lolilo Simba akaba yabicishije ku mbuga ziwe kwagiye gushira hanze EP yise ’’Kubura’’, ikaba irimwo indirimbo zigera kuri zitandatu.

Aho iyo EP harimwo collabo zibiri n’abaririvyi bakomeye cane mu gihugu cu Burundi , aho umwe azwi kwizina rya Vichou Love , uwundi Miss Erica .

Indirimbo ziri mwiyo EP amazina yazo akaba araya akurikira :

1.Kubura
2.Niryari
3.Akanyambo ft Vichou Love
4.The One
5.Ntawukuruta ft Miss Erica
6.Love U

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO