Meili yagizwe Ambassadrice na Pam Channel TV

Meili yizewe na Pam Channel TV aho yamutoye nkuwuzoserukira ihiganwa ’’Burundi Photograph and Photogénique’’.

Meili numwe mu baririvyikazi bariko barabikora neza aho kugeza Ubu aharurwa mu baririvyikazi ba mbere mu Burundi .

Meili akaba yizewe na Pam Channel TV , aho yamwizeye bivanye nibikorwa ariko arakora.

Pam channel TV ikaba iriko irakora n’ibindi bikorwa vyishi aho bari baheruka gukora igikorwa co guhiganwa bise ’’Meilleur Gâteaux’’, aho Pam channel TV yipfuza kubona urwaruka rwu Burundi rugeze ahantu hashimishije .

Ubu Pam Channel TV ikaba igomba isubire ikore ihiganwa ryaba photographe ndetse n’abifotoza tuzi nkaba Nyamideri , aho arukugira bashikane impano Kure .

Aho nimugihe dusazwe tubona kubicapo vyishi bashirako amafoto y’abanyamahanga ariko Pam Channel TV yipfuza yuko ibona kwivyo bicapo hariko amafoto y’Abarundi ,ndetse n’amafoto yerekana igihugu cu Burundi .

Aho Meili yatowe nkuwuzohagararira ihiganwa ’’Burundi Photograph and Photogénique’’, ivyo bikaboneka yuko umuririvyikazi Meili ariko arabikora neza mu muziki Ndundi .

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO