BURUNDI:Umunyegori w’intamba mu rugamba yaraye akoze amateka mumurwi wiwe wa...
- 16/03/2023 saa 10:07
Meili yamenyesheje abakunzi b’umuziki ndundi kagira abahe iyindi ndirimbo shasha.
Meili numwe mwamenye kundirimbo zigiye zitandukanye , aho ndetse mwizo ndirimbo zashitse kure hashoboka .
Meili aho hari haheze amezi agera kuri abiri ashize hanze indirimbo yise ’’Ndi motive’’.
Aho Meili yagiye arakorana nabaririvyi bakomeye cane ndetse bafise ibikorwa vyashitse kure uhereye kuri B face aho bakoranye indirimbo bise ’’Pam pana’’, aho na Ykee benda bakoranye indirimbo bise ’’Mine’’.
Meili aho yarose amahirwe yokuja muri Isanganiro award ,nubwo bitakuze kayitwara ,ubu ngubu Meili akaba yatumiwe mwihiganwa ririko ribera mugihugu ca South African aho iryo higanwa ryitwa ’’Artes Awards’’ .
Aho Meili yamenyesheje abakunzi b’umuziki ndundi kagira abahe indirimbo shasha ,aho atashimye kuvuga izina ryayo ,ico yashimye kuvuga nuko azoba ari Collabo nuwundi muririvyi .