UBURUNDI:Muri Gymkhana bati: "Mutwitege, ntaho turaja’’

umumenyereza wa Gymkhana, Crystal Gatabazi mu gihe umugwi wiwe waruhejeje gutsinda kuri uno wa gatatu itariki 8 Ruheshi 2022 urukino rwabahuje na Dynamo (84-79) maze gutyo ukwiza intsinzi 7 kuri 8 mw’ihiganwa rya Viva Basketball League yavuze ko bakwiye kubitega.

Yagize ati: "Urukino twarutsinze kubera abakinyi banje bari batuje mu mutwe, nari nabahaye icizere ko bokwizerana hagati yabo".

Uwo mugwi wa Gymkhana uciye ukwiza intsinzi 7 mu nkino 8. Dynamo nayo ifise intsinzi 5 mu nkino 8,Mu rundi rukino Remesha yatsinze Brothers (85-65).

Izindi nkino ziriko ziraba muri kano kanya ku kibuga ca Département des sports et de la culture

🔷 YoungEagles 42-27 AigleNoir (bari mu karuhuko)

🔷 isaha icenda (15h) NewStar Vs LesHyppos

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO