Natacha Burundi yamenyesheje kumbuga ziwe ko 8 Mars azoja kuraba abageze muzabukuru

Natacha Burundi yamenyesheje abakunzi b’umuziki ndundi ko itariki 8 z’ukwezi kwa gatatu ko azoja kuraba abageze mu zabukuru .

Natacha numwe mubaririvyi bakomoka mu Burundi , aho asazwe afise nibikorwa vyishi cane vyashitse kumitima yabantu .

Aho Natacha Burundi asazwe afise indirimbo yakoranye nabanyamahanga benshi cane kandi bakomeye.

Aho kuruno musi yashikirije kumbuga ziwe avuga ati: Nsanzwe nkunda kugendera abageze muzabukuru kumunsi Mpuzamakungu wahariwe agateka k’abakenyezi le 8 Mars tugasangira , tugatamba, nkatanga ivyo mfise na cane cane aho navukiye. Uyu mwaka nashimye kuzohimbariza uwo munsi mukuru aho Abavyeyi banje bavukiye nkazoba ari akaryo ko gusangira nabageze mu zabukuru kandi batishoboye aho tuzokwiginana twongere tunezerwe. Basha Abantu tuzogendera uyu mwaka bazoryoherwa caane kuko murazi neza yuko turikumwe n’Imana vyose birashoboka .

Ivyo bikaba vyashikirijwe Numuririvyikazi Natacha Burundi , aho atashimye kuvuga aho bizobera .

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO