BURUNDI:Nestor Again yashize hanze indirimbo yise ’’Missing you’’

Nestor Again aho aherutse gushira hanze indirimbo yise ’’Missing you’’,Nestor Again numwe mubaririvyi babarundi baba mumahanga aho yatanguye umuziki muri 2007 , ariho yashira hanze indirimbo yise ’’Namupenda’’ .

Nestor aho yaciye abandanya gukora umuziki muga vyanka kwashika , aho hariho nabo yasaba ubufasha bakamuhenda kubera atari bwashike kuntabwe ishimishije , ariko akavuga yuko bitigeze bimuca intege ahubwo vyatumye akora cane .

Agasaba abarundi ndetse nabandi bari mubihugu bigiye bitandukanye kumushigikira kugira ashike kure .

Aho yaciye abahereza indirimbo yise ’’Missing You’’ ,aho iyo ndirimbo yakozwe mubuhinga bukomeye .

Akanavuga yuko bitoroshe gukorera umuziki mumahanga , ariko ngo ntako atazogira ngabahe ibintu vyiza kandi bishimishije.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO