Prosper Bahaga yagize icavuga ku ndirimbo ”Meze neza” ya Ednaky

Prosper Bahaga yagize ico avuga ku ndirimbo ya Ednaky
Umuririmvyikazi Ednaky yarashize ahabona indirimbo yise ”Meze neza” Aho yari yatanguye n’indirimbo yise ’’Kuki wahindutse”. Aho zose zifise amasanamu. Iyo ndirimbo iri mu rurimi rw’ ikirundi.
”Meze Neza” irimwo amajambo yivyamubayeko. Yavuze ku kiganiro Ednaky bayaze nuwo bahoze bubakanye ku muhora wa telefone inyuma y’igihe kirekire batavugana kumvo zuko harivyo batabona kumwe mu bijanye n’ubuzima bw’urugo. Iyo ndirimbo iri mu mudiho wa country, yakozwe n’ umuhinyanyuzi Jospino muri Bahari studio, amasanamu yakozwe na Landry SB yakorewe muri Grand Picture. Ednaky amaze kuyishira ku mbuga yiwe you tube abantu nka bose baramukeje ukuntu indirimbo ikozwe.
Ubutumwa Bahaga yanditse ahejeje kumviriza ”Meze Neza
Ednaky ati: ”Kubwanje vyararyoheye cane kubona umuntu twakunze cane twumva ashima ukuntu indirimbo ikozwe ikindi ca ntangaje nuko atari n’umugenzi wanje. Vyanyeretse ko hari abantu bazi kwumviriza indirimbo, ubutumwa burimwo, ubuhinga ikoranye, kubwanje ndatumiriye abaririmvyi bacu kuriririmba mu rurimi rwacu kugira ikirundi dushishikare tugiteze imbere mu kukiririmba. ”
Umuririmvyikazi Ednaky yari mu baririmvyi bariho mu myaka yi 2008, yaririmba mu murwi S.E.Y warimwo Samovermix , Ednaky na Yaccouba bafise indirimbo yamenyekanye cane bise ”Kiradodora”.