UBURUNDI:Raba abashize amashurwe ku ntatemwa y’uwahoze arongoye Uburundi, Petero Nkurunziza

Ibirori vyoguhimbaza umusi wo gukunda igihugu ,vyahereye ku ntatemwa yuwahoze arongoye igihugu Pierre Nkurunziza.

Ibirori vyo guhimbaza umusi wo gukunda igihugu vyahereye ku ntatemwa y’uwahoze arongoye Uburundi, Petero Nkurunziza, ku murwa mukuru wa politike i Gitega.

Imirwi itatu y’abanyacubahiro ni yo yashize muri ico kibanza ingori z’amashurwe : (1)Umukuru w’igihugu, (2) abaserukiye umuryango w’umuhisi (3) hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Ejo baciye berekeza ku kibuga c’umupira w’amaguru citwa « Ingoma » kiri hagati mu gisagara ca Gitega. Ni ho ibirori vyaciye bibandaniriza.

Haranatangwa n’inyigisho zijanye no gukunda igihugu, intwaro ibereye no kubungabunga itunga rusangi.

Genesisbizz

Related Articles

Igitekerezo cyawe kirashyirwaho aruko gisusumwe

TANGA IGITEKEREZO